INYIGISHO KU BWOROZI BW’INGURUBE N’INKOKO
Bakunzi bu burimyi n’ubworozi, Ishirahamwe Youth Agribusiness Incubator Network (YAIN) rifise umunezero wo kubamenyesha ko ryateguye inyigisho yihariye ku bworozi bw’ingurube n’inkoko. Izo nyigisho zagenewe kubafasha kwagura ubumenyi n’ubuhinga mu bworozi, kugira ngo muteze imbere ibikorwa vyanyu kandi mwongereze umwimbu n’inyungu mubikuramwo.
Ibizokwihweza murizo nyigisho :
- Uburyo bugezweho bwo korora neza ingurube n’inkoko kugira bikure neza kandi bigire amagara meza
- Uburyo bwo kugaburira ibitungwa indya zibereye no gukoresha neza ibifungurwa n’ibindi bikoresho biboneka iwacu.
- Isuku n’ingingo zo gukingira indwara(biosécurité)kugira hirindwe ikwirakwira mu bitungwa
- Uburyo bwo gucunga neza ibikorwa vy ’ubworozi no gutunganya neza ugushora kw’isoko no kugurisha umwimbu w’ubworozi
Amakuru y’ingenzi
Amafaranga yo kwiyandikisha : 100.000Fbu
Amafaranga yo kwitabira inyigisho : 300.000Fbu
Igihe bizobera : Kuva igenekerezo rya 17/8/2026 gushika ku wa 28/8/2026
Ikibanza bizoberamwo : komine Mugere, Zone kinindo, Boulevard de la Liberté (ibarabara rya Rumonge), mu nyubakwa za ABEJ, igorofa 2 imbere ya kaminuza yu muco.
Igihe inyigisho zizomara : iminsi 10
Uko bizogenda mu kuriha : BCAB: 20103695201 yugurujwe kw’izina rya Youth Agribusiness Incubator canke ku cicaro ca YAIN kiri muri komine Mugere, zone Kinindo, Boulevard de la liberté (Route Rumonge), mu nyubakwa za ABEJ, igorofa 2 imbere ya kaminuza yu muco.
télécharger un document pdf en cliquant ici
- Début :
17/08/2026 Ă 07:45:00 - Fin :
28/08/2026 Ă 06:00:00